Wayde van Niekerk yesheje umuhigo i Rio

Wayde van Niekek Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wayde van Niekerk yirutse m400 mu masegona 43.03

Mu mikino olimpike ibera i Rio muri Bresil, Wayde van Niekerk wo muri Afurika yepfo yesheje umuhigo wari umaze imyaka 17 atwara umudari wa zahabu mu kwiruka metero 400.

Uyu mukinnyi w'imyaka 24 y'amavuko yazirutse mu masengonda 43.03.

Yesheje umuhigo wa Michael Johnston i Seville muri 1999 amurusha 0.15 ku gihe yazirutsemo.

Yakurikiwe na Kirani James - wari waregukanye mu mukino y'i Londres 2012 watwaye umudari w'ifeza.

Umunyamerika LaShawn Merrit yaje ku mwanya wa gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Van Niekerk atozwa na Ans Botha, w'imyaka 74 y'amavuko.

Van Niekerk, watsindiye Afurika yepfo umudari wayo wa mbere wa zahabu muri iyi mikino, yagize ati: "Ibi natangiye kubirota kuva nkiri umwana".

Van Niekerk atozwa na Ans Botha, w'imyaka 74 y'amavuko, akaba na nyirakuruza watangiye akazi k'ubutoza mu myaka ya za 1960.

Amaze imyaka itatu barikumwe kandi muri iyo myaka Van Niekerk yatsindiye zahabu mu rwego rw'isi no mu mikino olimpike.