Uko Afurika yitwaye i Rio kuri uyu wa kane

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyakenya Boniface Mucheru yaronse umudari w'ifeza

Mu guhiganwa abagabo biruka imetero 400 basimba imitego aho umunya Kenya Boniface Mucheru Tumuti aronse umudari w'ifeza akurikiye umunyamerika Kerron Clement aronse umudari w'inzahabu.

Mu kwiruka imetero 100 bahanahana udukoni mu bagabo, Afrika nta co yahanovye.

Eka no mu gusimba urukiramende mu bapfasoni umunye Nigeria Doreen Amata n'umumwigeme wo mw'izinga rya Seychelle Lissa Labiche batashe zirayoye.

Mu mupira w'amaguru, igihugu ca Nigeria catsinzwe n'Ubudagi ibitego 2-0 hanyuma Honduras na yo inyagigwa na Brezil ibitego bitandatu vyose ku busa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Ubudagi buzohura na Brezil mu nkino zo kurondera hagati y'iyo migwi ibiri uwotwara umudari w'inzahabu canke w'ifeza, mu gihe Nigeria na yo izohura na Honduras mu kurondera igihugu gitwara umudari w'umujumpu.

Mu zindi nkino za Olempike zibera i Rio, bitegekanijwe ko kuri uyu wa gatanu mu gaturuturu (isaha imwe n'iminota cumi n'itanu), umwigeme w'umurundikazi, Francine Niyonsaba ari ho aza guhiganirwa kuja mu gice ca nyuma mu kwiruka imetero 800.

Mu mugwi arimwo, aza gusiganwa n'abandi banyafrika babiri, umunya kenya Margaret Wambui n'umunya Uganda Halimah Nakaayi.