Bolt yanditse amateka mu mukino wo kunonora imitsi

Usain Bolt Uwufise ububasha kw’isanamu All Sports/Getty Images
Image caption Usain Bolt, rurangiranwa w'akataraboneka kw'isi mu gusiganwa n'amaguru

Mu nkino Olempike zibera i Rio, Umunyajamaica Usain Bolt yakoze ibitarakorwa mu gutsindira imidara itatu y'inzahabu inshuro zitatu nyene yikurikiranya.

Umudali wanyuma yawuronse mu gutsinda gusiganwa mu metero amajana ane bahanahana agakoni.

Yarenganye umurongo wo guheza ku buryo buhambaye, yasize cane Abayapani batsindiye umudari w'umwakaka.

Bolt ubu amaze gutsindira imiradi itatu y'inzahabu muri buri rukino Olempike, muri zitatu ziheruka.

Nyuma y'isiganwa, yanezereje abakunzi biwe hamwe n'abafata amasanamu mu kugira ya mpagararo yiwe yiswe "lightning Bolt" canke umuravyo mu kirundi, avuga ko anezejwe cane n'ivyo ashitseko.

Yavuze ko yari yabwiye abo biruka hamwe ko nibatasiganwa neza aza kubakubita.