Francine Niyonsaba mu mateka ya Olempike ku Burundi

Francine Niyosaba Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Francine Niyonsaba, Umurundi agira kabiri mu mateka aronse umudari Olempike

Umunonotsi w'Umurundikazi, Francine Niyonsaba, asiganwa imetero 800 yaraye ahesheje u Burundi umudari Olempike ugira kabiri mu mateka y'ico gihugu.

Francine Niyonsaba yaraye aronse umudari w'umwakaka abaye uwa kabiri mu nkino Olempike zibera i Rio de Janeiro mu gihugu ca Brezil.

Yirutse imetero amajana umunani mu munota 1 imisegonda 56 n'ibice 49, aza inyuma y'umunye Afrika y'epfo, Caster Semenya yatahukanye umudari w'inzahabu, uwa gatatu akaba yabaye Margaret Nyairera Wambui aserukira Kenya.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Francise Niyonsaba (umwakaka) yaserukiye u Burundi, Caster Semenya (inzahabu) yaserukiye Afrika y'epfo na Margaret Nyairera Wambui (umujumbu) aserukira Kenya

Umudari w'umwakaka Francine yatahukanye niwo wonyene u Burundi buronse muri izi nkino Olempike, ukaba ari uwa kabiri buronse mu mateka yabwo y'izi nkino.

Umudari wa mbere u Burundi bwaronse wari uw'inzahabu mu nkino Olempike z'i Atlanta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1996, aho Venuste Niyongabo yatsinda mu gusuganwa imetero 5000.