Umusi wa nyuma wo kugurisha abakinyi: abakinyi 10 bo gukurikirana

Mamadou Sakho, Samir Nasri, Saido Berahino & Lamine Kone Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Igihe co kwimuka ku bakinyi bo mu Bwongerezakirarangira isaha zitandatu z'ijoro mu Burundi no mu Rwanda ku wa gatatu, abashaka kugura abakinyi mu gihe ca nyuma ubu bakaba bariko baracanacanako.

Aba ni bo bakinyi ukwiye gukurikiranira hagufi:

1. Jack Wilshere (Arsenal)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jack Wilshere yakiniye Arsenal inkino zitatu gusa mw'ihiganwa riheruka

Wilshere ntiyahamagawe mu mugwi w'Ubwongereza uzotana mu mitwe na Suede. Ntivyitezwe ko umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger arekura uwo mukinyi w'imyaka 24 ngo agene burundu. Afise ubumenyi bukomeye mu mupira w'amaguru, ariko akeneye umwanya wo gukina mwinshi adashobora kuronka ari mu mugwi wa Arsenal. Agashobora rero gutizwa mu wundi mugwi.

Ashobora kuja: Valence, Roma, Juventus, West Ham United, Crystal Palace, Southmpton, Middlesbrough.

2. Moussa Sissoko (Newcastle United)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Umugwi wa Newcastle ushaka £35m kugira urekure Sissoko

Moussa Sissoko, w'imyaka 27, yakinye neza muri Euro 2016 aho yafashije Ubufaransa gushika mu gice ca nyuma cabahuje na Portugal. Umugwi wiwe ubu waramanutse mu cicaro ca kabiri kandi ntivyitezwe ko aguma muri uwo mugwi. Ariko uwoshaka kumugura yotegerezwa kuriha £35m.

Aronderwa na: Juventus, Inter Milan, Everton, Spurs, Crystal Palace, West Bromwich Albion.

3. Saido Berahino (West Bromwich Albion)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Tony Pulis yavuze ko Saido Berahino yokwemererwa kuva muri uwo mugwi mu gihe hotangwa amahera menshi

Berahino azoguma muri West Brom canke arungururiza ahandi?

Uwo mukinyi w'imyaka 23 yari yegereje kuva muri West Brom inyuma y'aho mu mezi 12 aheze yandikiye kuri twitter ko atazosubira gukinira uwo mugwi inyuma y'aho vyankiye ko aja muri Tottenham.

Ubu biboneka k ashobora kuva muri uwo mugwi inyuma yo kubakinira mu rukino ruzobahuza na Middlebrough ku musi w'Imana.

Ashobora kuja: Stoke City, Crystal Palace.

4. Lamine Kone (Sunderland)

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Lamine Kone araronderwa na Everton

Umumenyereza wa Sunderland, David Moyes ubwiwe yaranse £18m z'umugwi wa Everton bashaka kugura Lamine Kone. Ariko n'ubu Everton irashaka kugura uwo mukinyi w'umunye Cote d'Ivoire.

Chelsea na yo nyene iramurondera kandi ishobora kumutwara.

Ashobora kuja: Everton, Chelsea.

5. James McCarthy (Everton)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption McCarthy yabwiye umugwi wiwe wa Everton ko ashaka kuwuvamwo

Umumenyereza wa Everton, Ronald Koeman yavuze ashimitse ko uwo mukinyi w'inyuma w'imyaka 25 ava mu gihugu ca Irland atagurishwa ariko hari ibihuha ko ashobora kwimukira mu wundi mugwi igihe woriha £20m.

Ashobora kuja: Crystal Palace, Sunderland, Newcastle United, Leicester City.

6. Wilfried Bony (Manchester City)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Umumenyereza wa West Ham Slaven Bilic arashaka Wilfried Bony

Uyu mukinyi w'imbere w'imyaka 27 wo mu gihugu ca Cote d'Ivoire nta kintu kinini yamariye umugwi wa Manchester City aho yimukiye ku £28m avuye mu mugwi wa Swansea City mu kwezi kwa mbere 2015.

Biragaragara ko Bony atari ku rutonde rw'abakinyi umumenyereza Pep Guardiola.

Ashobora kuja:Stoke City, West Ham United, Everton.

7. Mario Balotelli (Liverpool)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Mario Balotelli yaguzwe mu mugwi wa AC Milan £16m mu mwaka 2014

Mario Balotelli yarananiwe gukina neza mu mugwi wa Liverpool kuva aguzwe £16m mu mugwi wa AC Milanmu kwezi kw'umunani 2014.

Yinjirije ibitego bine gusa mu nkino 28 yakiniye uwo mugwi.

Mw'ihiganwa riheze yari yatijijwe muri AC Milan.

Umugwi wa Nice wo mu cicaro ca mberemu Bufaransa baramurondera ariko Palermo yo mu Butaliano baramushaka.

Ashobora kuja: Nice, Palermo.

8. Samir Nasri

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nasri ashobora kunezerezwa no kuja mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya mu gihe yogurwa n'umugwi wa Seville

Nasri n'uwundi mukinyi biboneka ko atagiye kuguma muri Man City umenyerezwa na Pep Guardiola.

Uwo mukinyi w'imyaka 29 yatanguye ari mu basubirizi igihe bakina na West Ham ku musi wa Mungu aho batsinze ibitego 3-1.

Nasri ariko araronderwa n'umugwi wa Seville watwaye igikombe ca Europa Ligue wo muri Espagne hamwe na Besiktas wo muri Turkia.

Ashobora kuja: Sevilla, Besiktas.

9. Islam Slimani (Sporting Lisbon)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Slimani yakinira umugwi wa Sporting kuva mu 2013

Slimani w'imyaka 28, yamuka mu gihugu ca Algeria, yarabonetse ariko arasezera aabakunzi b'umugwi wa Sporting Lisbon igihe yagenda ararira ariko arava mu kibuga mu rukino rwabahuje na Porto mu mpera z'iyinga.

Ariko araronderwa na Leicester.

Biharugwa ko ashobora kuba afise agaciro ka £35m.

Ashobora kuja: Leicester City.

10. Mamadou Sakho (Liverpool)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Stoke City barashaka umukinyi w'inyuma Mamadou Sakho kw'ideni

Sakho ntivyamugendeye neza mu mugwi wa Liverpool, mbere umumenyereza Jurgen Klopp akaba yamubwiye ko ashobora gukura meza.

Sakho w'imyaka 26, yaranse kuja muri Stoke City na West Brom, ariko Liverpool bagumye bamusaba ko yogenda aho ashobora kuronka akanya ko gukina.

N'aho bimeze uko, ni nde yobimenya? Bishobora gushika ko agenda kuri uyu musi wa nyuma.

Ashobora kuja: West Brom, Stoke City.