Umunonotsi Feyisa yahungiye muri Amerika

Ikimenyetso X gikoreshwa n'abagwanya ubutegetsi bwa Ethiopia Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ikimenyetso X gikoreshwa n'abagwanya ubutegetsi bwa Ethiopia

Umunonptsi mu kwiruka wo muri Ethiopia yatsindiye umudari w’ifeza mu kwiruka ibirometero 42 mu nkino za Olympique, Feyisa Lilesa, yerekanye ikimenyetso ca X ahejeje kwiruka, yashitse muri Amerika.

Ibi bishitse inyuma y’indwi zitatu iyo nkuru ari yo ivugwa cane, ingene yakoresheje amaboko yiwe mukwerekana ikimenyetso ca X hejuru y’umutwe wiwe, arangije kwiruka I Rio.

Ico kimenyetso gikoreshwa n’abagira imyiyerekano batavuga rumwe na reta mu ntara ya Oromia, bituma amakungu yose amenya ko hari imyiyerekano muri ico gihugu ca Ethiopia.

Mu gihe Feyisa yotahuka mu gihugu ciwe, ashobora kugira ingorane z’umutekano canke agapfungwa kubera ivyo yagize.

Yahora aba mu gihugu ca Brezil inyuma yo gutsindira umudari wiwe w’ifeza itariki 21 ukwezi kw’umunani, aho yanse gusubira mu gihugu ciwe ari kumwe n’abandi banonotsi.

Reta ya Ethiopia yavuze ko izomwakira nk’intwari.

Feyisa yavuze ko yaciye asaba ubuhungiro mu gihugu ca Amerika.

Ubu aba mu gisagara ca Washington DC inyuma yo guhabwa uburenganzira vyihuta bwo kuba muri ico gihugu.

Abanye Ethiopia baba muri Ethiopia baruguruye urupapuro ku mbuga ngurukanabumenyi aho bariko baregeranya amahera yoba aramufasha mu bintu yokenera muri kino gihe.

Umuryango n’incuti ziwe baracaba muri Ethiopia.