UK: Imidari itatu y'inzahabu muri Paralympique

Ubwongereza bumaze kuronka imidari 63, harimwo 28 y'inzahabu
Image caption Ubwongereza bumaze kuronka imidari 63, harimwo 28 y'inzahabu

Abongereza Sascha Kindred, Ellie Simmonds na Susie Rodgers batsindiye imidari y’inzahabu mu kwoga, ku musi ugira gatanu w’inkino z’abagendana ubumuga ziriko zirabera I Rio.

Kindred na Simmonds bose baciye umuhigo mu kwoga imetero 50.

Ivyo vyatumye Ubwongereza bushikana imidari 63, muri yo, iyigera kuri 28 ikaba ari iyo inzahabu.

Kindred w’imyaka 38 yagize 2:38:47, ku ntsinzi yiwe igira indwi atahukana inzahabu mu nkino za Paralympique imbere y’uko Simmonds w’imyaka 21 na we asubira kuronka intsinzi ku mwanya ungana na 2:59:81.

Will Bayley na Aled Davies na bo hakiri kare batsindiye imidari y’inzahabu mu mugwi wa Tennis w’Ubwongereza, hamwe no gutera kure.

Ubwongereza bwararponse amahigwe menshi muri izo nkino, aho nka John Stubs na Jodie Grinman batsindiye imidari y’ifeza, imbere y’uko abandi bongereza Sascha Kindred, Ellie Simmonds na Susie Rodgers batsindira imidari y’inzahabu mu kwoga.