Barcelone yanyagiye Celtic 7-0

Andre Iniesta ni we yinjije igitego kigira kane Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Andre Iniesta ni we yinjije igitego kigira kane

Umugwi wa Celtic waratsinzwe bikomeye mu nkino zo gukuranamwo za Buraya ku musi wa kabiri n’umugwi wa Barcelone ku bitego 7-0 ku kibuga ca Camp Nou.

Umukinyi w’imbere wa Barcelone Lionel Messi, yinjije ibitego bitatu muri urwo rukino rwo mu mugwi C, ibintu agize ubugira gatandatu.

Umukinyi wa Celtic, Moussa Dembele yananiwe kwinjiza penalty.

Mu gice kigira kabiri, Neymar na we yaciye yinjiza, Andres Iniesta yinjiza ikigira kane, Mesi ikigira gatanu hanyuma Suarez yongeramwo ikigira gatandatu n’ico indwi.

Muri uyu mwaka, Mesi, Neymar na Luis Suarez bamaze kwinjiza ibitego 253, bakaba bamaze gufasha abandi gutsinda ibitego 120.

Mu zindi nkino zabaye ku musi wa kabiri, batsindanye gutya:

Benfica 1-1 Besktas

Dynamo Kyev 1-2 Naples

Basel 1-1 Ludogorets Razgrad

FC Bayern Munich 5- FC Rostov

PSV 0- 1 Atletico Madrid

Paris Saint Germain 1 1 Aersenal