Inkino za UEFA zaraye zigenze gute?

Abakinyi ba Real Madrid bariko barigina intsinzi
Image caption Abakinyi ba Real Madrid bariko barigina intsinzi

Ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa buraya ryabandanije muri iri joro ryakeye, hakaba habaye inkino icenda ku bibanza bitandukanye.

Manchester City batsinze ibitego 4-0 Borussia Moenchengladbach.

Kun Aguero yatsinze ibitego 3 hanyuma Kelechi Iheanacho atsinda ikigira kane.

Man City rero ikaba yaraye itahukanye amanota atatu n’ikibanza ca kabiri mu mugwi C, inyuma ya Barcelone iza mu kibanza ca mbere.

Image caption Aguero amaze gutsinda ibitego 9 mu nkino icenda nyene

Tottenham Hotspurs yatsinzwe na Monaco yo mu Bufaransa 2-1 imbere y’abakunzi bayo.

Ariko muri iri joro ryakeye, abakinyi n’abakunzi ba Leicester City akamwemwe kari kose, aho batsinze umugwi wa Club Brugge wo mu Bubiligi ibitego 3-0, muri vyo bibiri bikaba vyinjijwe na Riyad Mahrez.

Umugwi wa Borussia Dortmund wo mu Budagi watsinze Legia Warszawa wo muri Pologne ibitego 6-0.

Na yo urukino rwatangaje benshi, n’ugwahuje umugwi wa Real Madrid na Sporting CP Lisbon wo muri Portugal, aho Madrid yatsinze ibitego 2-1.

Sporting Lisbon yabaye iya mbere mu kwinjiza ku munota wa 48.

Image caption Ni ubwa mbere Leicester City ija mu nkino za UEFA

Gushika ku munota wa 89 Real ntiyari bwakigombore, Ronaldo akaba yaciye yinjiriza uwo mugwi.

Hasigaye amasegunda make ngo urukino rurangire, Alvaro Morata yinjirije Real igitego kigira kabiri.

Ingene iyindi migwi yatsindanye:

Bayern 04 Leverkusen 2-2 CSKA Moscow

FC Porto 1-1 F.C. Copenhagen

Juventus 0- 0 Sevilla

Lyon 3-0 Dinamo Zagreb