Souare ashobora kumara ameze 6 adakina

Abazimya umuriro nibo bagomvye kumena imodoka ya Souare kugira bamukuremwo kw'ibarabara M4 Uwufise ububasha kw’isanamu London Fire Brigade
Image caption Abazimya umuriro nibo bagomvye kumena imodoka ya Souare kugira bamukuremwo kw'ibarabara M4

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Crystal Palace, Alan Pardew, avuga ko umukinyi w'inyuma Pape Souare azomara amezi atandatu adakina.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 ava muri Senegal, yajanywe kwa muganga na kajugujugu nyuma yo kugira impanuka ari mu muduga kw'ibarabara M4 i London kuwa mungu.

Ibikomere yagize bizonatuma adashobora gukina mu gikombe ca Afrika mu kwezi kwa mbere.

Pardew yagize ati: "Ibihe arimwo ntivyoroshe, ariko twese tumuri hafi. Turakunda Pape kandi sitwe tuzobona agarutse gukina."

Vyitezwe ko Souare ava mu bitaro uno munsi kuwa gatandatu.

Abajijwe umwanya Souare azomara adakina, Pardew yagize ati: "Amezi ane, atanu. Nkumbure muri atandatu azoba ashobora kwiruka no gukina.

"Nta mpungenge dutewe no kugaruka kwa Pape. Yavunitse itako, rizokira nk'uko bisanzwe."

Souare yagiye muri Palace avuye mw'ikipe yo mu Bufaransa ya Lille mu kwezi kwa mbere 2015, akina inkino 46 za Premier League.