Man City yanganije na Celtic 3-3

Umukinyi w'imyuma wa Celtic, Toure Uwufise ububasha kw’isanamu SNS
Image caption Umukinyi w'imyuma wa Celtic, Toure

Inkino zine zo gukuranamwo z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, ni zo zaraye zibaye mw’ijoro ryakeye.

Urukino rwatangaje abantu benshi rwahuje Celtic na Man City, aho banganije ibitego 3-3.

Arsenal, ku kibuga cayo, yatsinze Basel yo mu Buswise ibitego 2-0, ibitego vyose vyinjijwe n’umukinyi w’imbere Theo Walcott.

PSG yo mu Bufaransa yatsinze ibitego 3-1 Ludogorets Razgrad yo mu gihugu ca Bulgaria.

Besiktas yanganije na Dynamo Kyiv 1-1, mu gihe Naple yo mu Butaliyano yatsinze Benfica 4-2.

Borussia Moenchengladbach yatsindiwe ku kibuga cayo na Brcelone, ibitego 2-1.

Atletico Madrid na yo yatsinze Bayern Munich 1-0, hanyuma FC Rostov na yo inganya na PSV Eindhoven 2-2