CAF: Prezida azoza agira ibiringo bitatu gusa

Hayatou ashobora gutwara iyindi myak 12 Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Hayatou ashobora gutwara iyindi myak 12

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF), azoza aratwara ibiringo bitatu gusa kuva mu matora y’umwaka uza wa 2017.

Junior Binyam, avugira CAF yavyemeje mu kiganiro yahaye BBC Sport ko amategeko mashasha yemejwe mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryo ku musi wa kane.

N’ikintu gikomeye gihindutse mu rwego rutwara CAF, aho uwatwara iryo shirahamwe ubu Issa Hayatou yaramaze imyaka 28 ariwe arirongoye.Ivyo biringo kandi biraraba comite nshingwantwaro ya CAF.

Mu kwezi kwa kabiri, urwego rurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rwashinze ko prezida w’iryo shirahamwe azogira ibiringo bitatu, igihe bariko baragerageza kuva mu ngorane zatewe n’ibiturire vyavugwa muri iryo shirahamwe.

Binyam yabwiye BBC Sport ko :”Impamvu nyamukuru yatumye basubiramwo iryo tegeko ari ukwisunga FIFA.

Ariko hashobora kuba ibindi bihinduka canke bisubirwamwo.”Mu 2015, CAF yaremeje ihindurwa ry’amategeko ryabuza ko haba uwurirongoye arenza imyaka 70, ryaha uburenganzira Hayatou gusubira kwitoza, kuko yariko arashikana imyaka 70 mu kwezi kw’umunani.