Aston Villa na Swansea City birukanye abamenyereza

Di Matteo yarigeze gufasha umugwi wa West Bormwich Albion kuduga mu cicaro ca mbere Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Di Matteo yarigeze gufasha umugwi wa West Bormwich Albion kuduga mu cicaro ca mbere

Umumenyereza w’umugwi wa Aston Villa wo mu Bwongereza, Roberto di Matteo yirukanywe ku kazi inyuma y’imisi 124 amenyereza uwo mugwi mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Aston Villa bariko bararondera uwundi mumenyereza agira gatanu mu kiringo kiri musi y’umwaka.

Bamaze gutsinda urukino rumwe gusa mu nkino 11 zo mu cicaro ca kabiri, bamenyerezwa na Di Matteo.

Di Matteo w’imyaka 46, yakiniye yongera aramenyereza Chelsea, yagenywe kuba umumenyereza wa Villa inyuma y’aho umugwizatunga wo mu Bushinwa Dr Tony Xia aguriye uwo mugwi mu kwezi kwa gatandatu.

Umugwi wa Aston Villa warahawe induru n’abakunzi bawo ku musi wa gatandatu inyuma yo gutsindwa 2-0 na Preston.

Steve Bruce na Mick McCarthy ni bamwe mu bamenyereza bashobora kumusubirira.

Mu nkino 11 bakinye bamenyerezwa na Di Matteo, batsinze igitego kimwe ku minota 85.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Francesco Guidolin yirukanywe akwije imyaka 61 w'amavuka

Uwundi mugwi wirukanye umumenyereza ni Swansea City wakuye mu mabanga yiwe Francesco Guidolin bamusubiriza umunyamerika Bob Bradley.