Fifa yipfuza kwongereza imigwi yoja mu gikombe c'isi

Gianni Infantino yatorewe kurongora Fifa itariki 26 z'ukwezi kwa kabiri 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gianni Infantino yatorewe kurongora Fifa itariki 26 z'ukwezi kwa kabiri 2016

Prezida wa Fifa, Gianni Infantino, yasavye ko imigwi yoja mu gikombe c’isi yoba 48 irenga iyo iyo yari yavuze ariko aritoza 40.

Yahanuye ko imigwi 16 yose yova mw’ihiganwa mu nkino za mbere.

Hagaca hasigara 32 ishirwa mu migwi itandukanye, inyuma y’inkino zo gukuranamwo.

Infantino avuga ko ico cipfuzo kizoshikirizwa akanama karongoye Fifa mu kwezi kwa mbere.

“Ibi ni ivyipfuzo bikwiye kuronka inyishu nyayo, tuzobiganira muri uyu mwaka, hanyuma tumenye ico twokora mu mwaka 2017,” uko ni ko Infantino w’imyaka 46 yavuze.

Infantino yatanguye kurongora Fifa mu kwezi kwa kabiri inyuma y’aho Sepp Blatter atangiye imihoho.