Abanonotis bafashe imiti baragiye mu nkino za Rio?

WADA bavuga ko IOC yadebukiwe kubakurikirana n'izo nkino zitaranatangura Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption WADA bavuga ko IOC yadebukiwe kubakurikirana n'izo nkino zitaranatangura

Komite mpuzamakungu ya Olympike IOC yanebaguwe kubera yananiwe kugenzura ko hatagira umunonotsi n’umwe yitabira ihiganwa ry’I Rio muri uyu mwaka yafashe imiti itarekuwe.

Inkuru zitangwa n’ikigo kijejwe kugwanya mwene iyo miti WADA kivuga ko IOC yatanguye kutabishiramwo umwete n’imbere y’uko izo nkino zitangura.

Iyi nkuru imenyekanye inyuma y’aho IOC yirukaniye Uburusiya muri izo nkino, mu nyuma baza gusubira kubemerera kuja muri izo nkino z’I Rio, mu gihe WADA bavuga ko batari kubemerera.

Abanonotsi barenga 270 bo mu Burusiya, baremerewe kuja muri izo nkino inyuma yo kwunguruza urubanza.

Na komite mpuzamakungu ya Paraolympike yarankiye abanonotsi bo mu Burusiya kuja mu nkino za Rio zo mu 2016.