Harageze ko Rooney akinjura mu mugwi w'Ubwongereza?

Wayne Rooney yarazomerewe n'abakunzi b'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza urukino rurangiye Uwufise ububasha kw’isanamu REX FEATURES
Image caption Wayne Rooney yarazomerewe n'abakunzi b'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza urukino rurangiye

Mu rukino rwa mbere kuva Gareth Southgate ashikiriye amabanga yo kumenyereza Ubwongereza, uwo mugwi watsinze izinga rya Malte ibitego 2-0.

Ariko inyuma y’urukino, inkuru yavuzwe cane n’ukumenya nimba Wayne Rooney agikenewe kuba muri uwo mugwi nserukira gihugu.

Rooney yahawe induru n’abarorerezi umupira urangiye.

Umumenyereza Southgate yavuze ko atumva agashavu abakunzi b’umugwi w’Ubwongereza berekanye igihe yahusha gutera mw’igori.

Yavuze ati:” Biragoye kumenya ivyashitse muri iyi misi cumi iheze. Ikiganiro cose cerekezwa kuri we. Umuzigo uri kuri we ni munini, ingene anebagurwa, birashika igihe ukabona ko arengana kandi arabirengera agakinana umunezero kandi agaserukira igihugu ciwe yishimye.”

Southgate agereranya Rooney n’abakiniye umugwi w’Ubwongereza ikiringo kirekire nka John Terry, Frank Lampard na Ashley Cole, aca yongerako ko:”Babandanije bakina neza. Bamwe mu bakinyi ntibatinyutse kugaragara ico gihe, hanyuma babonye igihe kigeze, barasokoye.

“Abo bakinyi bari abantu bashaka kubandanya gukinira Ubwongereza bisubiriza, bita kurutare buri gihe. Na Rooney rero ari muri uwo mugwi.”

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Southgate yari yavuze ko ari kare cane gutangura kumenyereza umugwi w'Ubwongereza mu kwezi kw'icenda

Ico Southgat yibaza kuri Rooney kiragaragara, kuko yamugumije mu kibanza ca kizigenza, kandi akaba yaranatanguye mu kibuga muri urwo rukino rwabahuza na Malta, kandi ibimenyetso vyose vyerekana ko azogumana ico kibanza no mu rukino rwimirije ruzobahuza na Slovenia ku musi wa kabiri.