Prezida Lungu yasavye ko umwenegihugu yomenyereza umurwi wa Zambia

Abakunzi b'umurwi w'igihugu wa Zambia bagiye kumenyera umumenyereza w'umwenegihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakunzi b'umurwi w'igihugu ca Zambia

Umukuru w'igihugu ca Zambia Edgar Lungu yabwiye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru gukoresha umumenyereza w'umugwi w'igihugu atowe mu benegihugu.

Ishirahamwe "Football Association of Zambia" (Faz) rimaze imisi rirondera gukoresha umunyamahanga kandi rikoresha n'ibibazo kur'ico kibanza.

Uwahora amenyereza umugwi w'igihugu ca Afrika yepfo Gordon Igesund yaratowe kuri ako kazi inyuma yaho yishuye bigatangaza ibibazo yashikirizwa.

Lungu we yagize ati: "Reka umumenyereza w'umunyamahanga. Turashobora gukoresha umwenegihugu."

Lungu yaremeye gushigikira umumenyereza w'imfatakibanza Wedson Nyirenda w'umugwi Chipolopolo, yagenywe mu kwezi guheze ngo asubirire George Lwandamina , avuga ko "avyifatamwo neza".

Ico ciyumviro cashikirijwe inyuma yaho Zambia itsindiwe 2-1 n'umurwi wa Nigeria mu rukino rw'intango ku musi wa mungu mu nkino zo kurondera imirwi izoja mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'isi yose mu mwaka w'i 2018.

Lungu afise ikizere ko umurwi wa Zambia uzoruhira kuja muri iryo higanwa rizobera mu gihugu c'ubu Russia.