Benteke yinjije igitego cihuse mu nkino z'igikombe c'isi

Benteke amaze gutsindira Ububiligi ibitego 8 Uwufise ububasha kw’isanamu REX FEATURES
Image caption Benteke amaze gutsindira Ububiligi ibitego 8

Umukinyi w’imbere w’Ububiligi, Christian Benteke, yatsinze igitego cihuse cane mu nkino zo kuja mu gikombe c’isi, inyuma gutsinda kw’isegunda ya 8.1 Gibraltar.

Uwo mukinyi wa Crystal Palace yinjije ibitego bitatu muri urwo rukino rwo mu mugwi H, aho Ububiligi bwatsinze ibitego 6-0.

Abandi binjije ibitego ni Eden Hazard, Axel Eitsel na Dries Mertens.

Ico gitego ca mbere kandi ni co cinjiye hakiri kare gusumba ibindi vyose cinjijwe n’umukinyi w’Ububiligi.

Benteke yaciye umuhigo wari uhari w’igitego cinjiye vuba vyihuta mu nkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe c’isi, wari kw’isegunda 8.3, cari cinjijwe na Davide Gualtieri wo muri San Marino bariko barakina n’Ubwongereza mu 1993.

Mu rukino rundi, umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba, yinjirije Ubufaransa igitego kimwe rukumbi 1-0 n’Ubuhollande.

Swede batsinze Bulgaria 3-0, Portugal na yo itsinda izinga rya Faroe 6-0.