Igikombe c'isi yose: Fifa ishaka kugwiza imigwi gushika kuri 40 canke 48

Ubudagi butsinda igikombe c'isi yose mu mwaka w'i 2014 bukuyemwo Argentina
Image caption Ubudagi butsinda igikombe c'isi yose mu mwaka w'i 2014 bukuyemwo Argentina

Iyo nteguro izoshikirizwa mu nama y'umugwi ugenzura urukino rw'umupira w'amaguru kw'isi itariki 9/01/ 2017.

"Abagize akanama ka Fifa bafise ikizere kw'iryo higanwa rizagugwa", uko ni ko prezida wa Fifa Gianni Infantino yabishikirije.

Igihugu kizokwakira iryo higanwa mu mwaka w'i 2026 ntikiratogwa, mu gihe ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu mwaka w'i 2018rizobera mu gihugu c'Uburusiya iryo mu mwaka w'i 2022 naryo muri Qatar.