Leicester yatsinze urukino rwa gatatu muri UEFA

Riyad Mahrez na Islam Slimani bakinye bishimishije muri urwo rukino
Image caption Riyad Mahrez na Islam Slimani bakinye bishimishije muri urwo rukino

Umugwi wa Leicester City waronse iyindi ntsinzi mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere I Buraya, inyuma yo gutsinda igitego 1-0 umugwi wa FC Copenhagen.

Ku kibuga cabo ca King Power, Leicester yatsinze ico gitego hasigaye iminota itanu ngo baje mu karuhuko, cinjijwe na Riyad Mahrez ahawe umupira na mugenzi we wo muri Algerie, Islam Slimani.

Kubera iyo ntsinzi, Leicester iguma mu kibanza ca mbere mu mugwi G n’amanota 9, inyuma yo gutsinda imikino yose ko ari itatu itangura.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umuhagarikizi yanse igitego ca Slimani

Imigwi yonyene imaze gukora ivyo mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ni Ac Milan, Paris St Germain, Juventus na Malaga.

Ingene mu zindi nkino vyagenze

Bayer 04 Leverkusen 0-0 Tottenham Hotspur F.C.

CSKA Moscow 1-1 AS Monaco FC

Real Madrid 5-1 Legia Warsaw

Sporting 1 -2 Borussia Dortmund

Club Brugge 1-2 FC Porto

Dinamo Zagreb 0- 1 Sevilla

Lyon 0- 1 Juventus