Umukinyi Carlos Alberto wa Brezil yitavye Imana

Carlos Alberto
Image caption Carlos Alberto

Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Brezil, Carlos Alberto, yari mu mugwi watsindiye igikombe c’isi co mu 1970, yitavye Imana afise imyaka 72.

Yaratsinze bimwe mu bitego vyiza cane kw’isi muri kahise k’igikombe c’isi, mu rukino rwa nyuma rwabahuje n’Ubutaliano mu 1970, inyuma yo gucenga abakinyi b’inyuma no kwinjiza ateye umupira ukaze cane.

Uwo mukinyi Alberto yakiniye umugwi nserukiragihugu wa Brezil incuro 53, atahukana intsinzi kuri Fluminense na Santos ahoyakinye incuro 400.

Yitabiye Imana mu gisagara ca Rio de Janeiro azize ingwara y’umutima.