Wada ivuga ko habaye utunenge mu nkino za Rio 2016

Icegeranyo ca Wada kivuga ko abanonotsi benshi batapimwe ku gihe cari kibategekanirijwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Icegeranyo ca Wada kivuga ko abanonotsi benshi batapimwe ku gihe cari kibategekanirijwe

Ikigo mpuzamakungu kijejwe kugwanya ikoreshwa ry’imiti yongerereza inguvu abakinyi (Wada) kivuga ko uburyo bwakoreshejwe mu kugwanya mwene iyo miti mu nkino za Olympic z’i Rio zirimwo utunenge twinshi.

Ico kigo kivuga ko abanonotsi benshi bategerezwa gupimwa “batabonekeye” igihe bategerezwa gupimigwako.

Icegeranyo c’ico kigo kivuga ko muri imwe mu misi,”abanonotsi 50% bari bategekanijwe gupimwa, ntibapimwe”.

Ico cegeranyo c’impapuro 55 cerekana ko mu banonotsi 11.470 bagiye muri izo nkino, ntavyerekana ko abasika 4.125 boba barapimwe, muri bo 1.913 bakaba baragiye mu nkino 10 “zigoye cane”.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko:

  • Ibipimo 100 ntivyashobotse kwerekana ba nyene vyo kubera insiguro zari zanditse nabi.
  • Hari igipimo cazimiye kiza kuboneka inyuma y’indwi zibiri inkino zarangiye.
  • Igikorwa co gupima abanonotsi nticakozwe neza, mbere hari n’aho kitakozwe na gato mu bisata vyagaragara ko abanonotsi bashobora gukoresha iyo miti ari benshi, harimwo no guterura ibintu biremereye.
  • Nta bipimo vyagizwe imbere y’uko haba inkino mu mupira w’amaguru, ikintu Wada ivuga ko catangaje abantu benshi.
  • Ibipimo vyakozwe vyagabanutseko 500 ugereranije n’ivyari bitegekanijwe imbere y’uko izo nkino ziba.
  • Ukudakorana neza n’abakozi bajejwe gupima abakinyi vyatumye ico gikorwa cose kiba impfabusa.
  • Gushika itariki 8 ukwezi kw’umunani, ni abanonotsi 4.795 bamenyesheje abakozi ba Wada aho baherereye.

Wada yanebaguye komite mpuzamakungu y’inkino za Olympic (IOC) kuri ivyo vyose vyashitse.