Bale azokinira Real Madrid gushika mu 2022

Gareth Bale ni we yaguzwe amahera menshi kw'isi mu mwaka wa 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Gareth Bale ni we yaguzwe amahera menshi kw'isi mu mwaka wa 2013

Umukinyi wa Real Madrid, Gareth Bale yashize umukono ku masezerano n’uwo mugwi yo kubandanya awukinira gushika mu 2022.

Bale yahoze akinira Southampton yagiye muri uwo mugwi avuye muri Tottenham Hotspur mu 2013.

Amaze gufasha umugwi wa Real gutsindira ibikombe bitanu mu myaka itatu iheze harimwo ico imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya incuro zibiri, mu gihe amaze kwinniza ibitego 62 mu nkino 135.

Abandi bakinyi bo hagati b’uwo mugwi, Luka Modric na Toni Kroos, na bo nyene bashize umukono ku masezerano mashasha.

Muri ayo masezerano mashasha, Bale azoza arahembwa ama Euro 600.000 buri ndwi, havuyemwo ikori akazosigarana ama Euro 350.000.