Gutera mw'igori kenshi ni ko gutsinda?

Ibrahimovic amaze gutera mw'igori incuro nyinshi muri uyu mwaka gusumba abandi bakinyi bose Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ibrahimovic amaze gutera mw'igori incuro nyinshi muri uyu mwaka gusumba abandi bakinyi bose

Umukinyi w’imbere wa Manchester United ashobora kuba adatsinda, ariko ntatinya gutera mw’igori, mu gihe Romelu Lukaku, asa n’uko ari we wenyene yatsinze umugwi wa West Ham.

BBC Sports yaravye bimwe mu biharuro vyo mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza, mu mpera z’iyinga.

Gutera mw’igori incuro 42 ata gitego kibonetse

Uko utera mw’igori kenshi, ni ko ugira amahigwe yo kwinjiza. Sivyo? N’ukwihenda mu gohe uri Ibrahimovic.

Uwo yahoze akinira umugwi nswerukiragihugu wa Suede ntarinjiza na rimwe mu nkino zitandatu ziheze zo mw’ihiganwa ryo mu Bwongerez, bikaba ari ubwa mbere bimushikiye kuva 2007 ari mu mugwi wa Inter Milan.

Kuva yinjije igitego ciza cane bariko barahura na Manchester City kw’itariki 10 z’ukwezi kw’icenda, Ibrahimovic amaze gutera mw’igori incuro 42 ariko atinjiza.

Ni incuro nyinshi ugereranije n’incuro abandi bakinyi bamaze gutera mw’igori niwashaka mu kiringo c’inkino zose z’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Zlatan Ibrahimovic wa Man United amaze gutera mw’igori incuro 57, Philippe Coutinho wa Liverpool 41, Sergio Aguero wa Man City 36, Christian Eriksen wa Tottenham 33, Theo Walcott wa Arsenal 32 hanyuma Paul Pogba wa Man United 31.