Man City yihoye Barcelone

Mu gihe Manchester City botsinda Borussia Monchengladbach itariki 23 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, bazoca babandanya ihiganwa Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Mu gihe Manchester City botsinda Borussia Monchengladbach itariki 23 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, bazoca babandanya ihiganwa

Ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa buraya ryabandanije mw’ijoro ryakeye aho habaye inkino umunani.

Manchester City iri ku kibuba cayo bihoye umugwi wa Barcelone mu batsinda ibitego 3-1.

Na yo Arsenal yo mu gisagara ca London, babandanije kwitwara neza mu gutsinda Ludogorets Razgrad yo muri Bulgaria ku bitego 3-2.

Uwufise ububasha kw’isanamu REX FEATURES
Image caption Abicishije kuri Twitter, Ozil yavuze ko yanezerejwe n'igitego yinjije

Atletico Madrid bari ku kibuga cabo batsinze FC Rostov ibitego 2-1, na yo Bayern Munich itsinda PSV Eindhoven 2-1.

Uko izindi nkino zagenze

Basel 1-2 Paris Saint Germain

Besiktas 1-1 SSC Napoli

Benfica1-0 Dynamo Kyiv

Borussia Moenchengladbach 1-1 Celtic

Manchester City 3-1 Barcelona