Real Madrid yanganije na Legia Warsaw

Abakinyi ba Real Madrid bariko barigina intsinzi ya Gareth Bale
Image caption Abakinyi ba Real Madrid bariko barigina intsinzi ya Gareth Bale

Ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya ryarabandanije mu migwi itandukanye.

Urukino rutoroshe kandi rubereye ijisho rukaba rwahuje Legia Warsaw na Real Madrid.

Gareth Bale yinjirije umugwi wiwe igetego giteye igomwe, ariko urukino ruza kurangira iyo migwi yose ya Legia Warsaw na Real Madrid inganya ibitego 3-3.

Image caption Totthenham yatsindiwe iwabo

Tottenham na yo iri iwabo ku kibuga ca Wembley yatsinzwe igitego 1-0 na Bayern Leverkusen.

Leicester City yanganije na FC Copenhagen 0-0

Ingene izindi nkino zagenze

Borussia Dortmund 1-0 Sporting

FC Copenhagen 0-0 Leicester city

FC Porto 1-0 Club Brugge

Juventus 1-1 Lyon1

Sevilla 4-0 Dinamo Zagreb

;