Messi na Ronaldo ni bo bahembwa amahera menshi kw'isi

Messi ahembwa amahera angana na Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Messi ahembwa amahera angana na Ronaldo

Abakinyi Christiano Ronaldo na Lionel Messi ni bo bakinyi b’umupira w’amaguru bahembwa amahera menshi cane kw’isi.

Ronaldo ahembwa amapawundi 365.000 ku ndwi, ku mwaka akaba ashikana imiliyoni 19, mu gihe Lionel Messi ahembwa amapawundi 365.000 ku ndwi, akaronka imiliyoni 19 ku mwaka nka Ronaldo.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ronaldo ni we ahembwa amahera menshi kw'isi mu mupira w'amaguru

Abandi bakinyi bahembwa amahera menshi kw’isi

Gareth Bale (Real Madrid) aronka amapawundi 346.000 ku ndwi, n’imiliyoni 18 buri mwaka

Givanildo Vieira de Sousa azwi kw’izina rya Hulk (Shanghai SIPG) aronka amapawundi 317.000 buri ndwi, n’imiliyoni 16.5 z’amapawundi ku mwaka.

Paul Pogba (Manchester United) aronka amapawundi 290.000 buri ndwi, n’imiliyoni 15 z’amapawundi ku mwaka.

Neymar (Barcelona) aronka amapawundi 289.000 buri ndwi, n’imiliyoni 15 z’amapawundi ku mwaka.

Graziano Pelle (Shandong Luneng) aronka amapawundi 260.000 buri ndwi, n’imiliyoni 13.5 z’amapawundi ku mwaka.

Wayne Rooney (Manchester United) aronka amapawundi 260.000 buri ndwi, n’imiliyoni 13.5 z’amapawundi ku mwaka.

Zlatan Ibrahimovic (Manchester United) aronka amapawundi 250.000 buri ndwi, n’imiliyoni 13 z’amapawundi ku mwaka.

Sergio Aguero (Manchester City) aronka amapawundi 240.000 buri ndwi, n’imiliyoni 12.5 z’amapawundi ku mwaka.

Yaya Toure (Manchester City) aronka amapawundi 240.000 buri ndwi, n’imiliyoni 12.5 z’amapawundi ku mwaka.