CAF yongereje amahera ahabwa abatahukanye intsinzi muri Afrika

CAF yongereje amahera ahabwa abatahukanye intsinzi ku mugabane wa Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption CAF yongereje amahera ahabwa abatahukanye intsinzi ku mugabane wa Afrika

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF ryongereje amahera ahabwa abatsinze amahiganwa yose kuva mu 2017 gushika mu 2020.

Abazotsindira igikombe ca Afrika bazoza bararonka imiliyoni zine z’amadolali, mu gihe Cote d’Ivoire yaheruka kuronka amadolali imiliyoni 1.5 mu mwaka 2015.

Uwuzotsindira igikombe c’imigwi yabaye iya mbere iwabo azoronka amadolali imiliyoni 2.5 mu gihe hahora hatangwa amadolali imiliyoni 1.5 yahawe umugwi wa Mamelodi Sundowns mu kwezi guheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urutonde rw'amahera azoza arabwa imigwi yatahukanye intsinzi ku mugabane wa Afrika

Muri ico gihe nyene, amahera azohabwa uwuzotwara igikombe c’ibihugu vyo muri Afrika mu bapfasoni azokongerezwa gushika ku 80.000 mu mwaka 2019 avuye ku madolali 50.000 muri uyu mwaka.

Ayo mahera ni make cane ugereranije n’amahera ahabwa umugwi wabaye uwa nyuma ku mugabane wa Afrika ku ruhande rw’abagabo.