Amategeko y'ihiganwa rya BBC AFOTY 2016

Igihanwa rya BBC AFOTY 2016
Image caption Igihanwa rya BBC AFOTY 2016

Urutonde rw'abahiganirwa agashimwe ka BBC k'umukinyi w'umupira w'amaguru yarushije abandi AFOTF 2016 ruratangazwa mu birori biba ikibiriraho kuri BBC Workd Service, BBC World News, BBC online no ku mbuga hwaniro. Ibi biracako isaha 1805 ku masaha mpuzamakungu ya GMT gushika 1900 GMT kuwa gatandatu itariki 12 z'ukwa cumi na rimwe. Urupapura rwo gutorerako kuri internet ruragaragar kuva 1805 GMT.

Ibijanye no gutora

Uko guhitamwo abaja ku rutonde rw'abahiganwa bigenda

Guhitamwo urutonde rw'abakinyi batanu vyakozwe n'abahinga mu mupira w'amaguru muri Afrika, aho umuhinga muri buri gihugu yasabwe gutanga amazina atatu y'abakinyi bakomeye adakurikije uko yibaza barushanya.

Basabwe guhitamwo abo bakinyi bafatiye kuri ibi bikurikira: impano z'umukinyi; ubuhinga bwiwe; gukorana n'abandi; kudata umurongo; intsinzi ahesha ikipe yiwe no gukinira abandi neza, vyagaragaye mu gice c'inkino 2015/16.

Urutonde ruzotangazwa mu birori vyihariye biba ikibiriraho kuwa gatandatu itariki 12 z'ukwa cumi na rimwe kuva isaha 1805-1900 GMT kuri BBC World Service na BBC World TV. Bizokwerekanwa kandi aha www.bbc.com/africanfootball.

Hagize abanganya mu guhitamwo, abategura ihiganwa AFOTY bafise uburenganzira bwo kwongera urutonde rukajako abahiganwa batandatu.

Abashobora guhiganwa ni bande

People are eligible to win the BBC African Footballer of the Year Award if they are eligible to represent an African national team.

Abashobora kuja mu bahiganirwa agashimwe ka BBC k'umukinyi w'umupira w'amaguru w'Umunyafrika yarushije abandi, bagomba kuba barekuriwe gukinira ikipe nserukiragihugu yo muri Afrika.

Gutora kw'abakunzi

Urutonde rumaze gushirwa ahabona, agashimwe kazotangwa hakurikijwe amajwi yabonetse mw'itora ribera kuri internet.

Iri tora rizotangura isaha 1850 GMT kuwa gatandatu itariki 12 z'ukwa cumi na rimwe 2016, rihere isaha 1800 GMT kuwa mbere itariki 28 z'ukwa cumi na rimwe 2016.

Ivyavuye mw'itora vya nyuma bizotangazwa isaka 1735 GMT kuwa mbere itariki 12 z'ukwa cumin a kabiri, ikibiriraho kuri Focus on Africa TV na radiyo. Bizoba kandi biri ku rubuga rwa BBC rw'umupira w'amaguru wo muri Afrika hamwe n'amategeko yose agenga iri higanwa.

Nihagira abanganya amajwi, agashimwe kazosangirwa.

Uko gutora kwa bose bigenda - ku rubuga

Uja ku rubuga rwa BBC rw'umupira w'amaguru muri Afrika kuri www.bbc.com/africanfootball ugakurikiza ivyo bakubwira ku rubuga. Hemewe itora rimwe gusa kuri buri computer.

Gutora kwa bose - amategeko abigenga

1. Iri tora ritunganywa na BBC kandi agashimwe gakwije ibisabwa n'ingingo za BBC zigenga amahinganwa no gutora abahiganwa, zishobora kuboneka ngaha www.bbc.co.uk/editorialguidelines/guidelines/appendix2

2. Uwuzotsinda azohabwa igikombe canditseko ace ahabwa inyito y'Umukinyi w'Umupira w'Amaguru w'Umunyafrika w'umwaka wa 2016 kuri BBC.

3. Urutonde rw'abahiganirwa agashimwe ka BBC k'umukinyi w'umupira w'amaguru w'Umunyafrika yarushije abandi mu 2016 rwatowe n'umugwi w'abahinga mu mupira w'amaguru hirya no hino muri Afrika.

4. Ingingo zakurikijwe mu gukora urwo rutonde ni izi zikurikira: impano z'umukinyi; ubuhinga bwiwe; gukorana n'abandi; kudata umurongo; intsinzi ahesha ikipe yiwe no gukinira abandi neza, vyagaragaye mu gice c'inkino 2015/16.

5. Urwo rutonde ruzoshikirizwa bose kugira bahitemwo bicishijwe ku rubuga rw'ihiganwa rya BBC ry'umukiny w'umupira w'amaguru w'Umunyafrika yarushije abandi, kuri www.bbcworldservice.com/africanfootballer no kuri www.bbc.com/africanfootball. Hazokwemerwa itora rimwe gusa kuri buri computer.

6. BBC izokoresha ibikuranga mu bijanye n'iri tora gusa kandi ntibizoshirwa ahabona canke ngo bihabwe uwo ariwe wese atabifitiye uruhusha. Ushaka kumenya ibindi mu bijanye n'uko BBC ifata ubuzima bwite, tugusavye kuraba amategeko ya BBC ajanye n'ubuzima bwite ngaha.

7. Isata n'itariki ntarengwa yo gutora ni 1800GMT kuwa mbere itariki 28 z'ukwa cumi na rimwe 2016.

8. Icemezo co gutora ni ntabanduka kandi na butumwa buzoherekeza itora.

9. Agashimwe kagomba kwakirwa nk'uko bitunganijwe kandi ntibishobora kwimurirwa ku yindi tariki. Ntikazoshobora gusimbuzwa amafaranga. Nta gashimwe kazotangwa ku gutora.

10. BBC, abo ikoresha, abo bikorana/canke ibigo vy'akazi vyigenga, ntibashobora kubibazwa habaye ikibazo c'ubuhinga ico arico cose canke ikindi kibazo ico arico cose ca internet, cotuma hari ijwi ritakara canke ntiryandikwe neza.

12. BBC ifise uburenganzira bwo guhindura ubusa itorao canke ikarihagarika bigaragaye ko habayemwo ubusuma mu gutora canke ko vyageragejwe. BBC ifise uburenganzira bwo gusubiriza ubuhinga bukoreshwa atawe irinze kubaza. BBC ntizoshira ahabona aya makuru canke ngo igire uwo iyaha ata ruhusha, kiretse aho bizoba bikenewe mu ntumbero yo gukurikiza aya mategeko. Ushaka kumenya ibindi raba ngaha.

13. Abaja muri iri tora bisigura ko bemeye aya mategeko arigenga hamwe no kuyakurikiza. Mumenye ko umukozi wa BBC canke uwo wese afise uruhara mw'itegurwa ry'iri higanwa, adafise ubernganzira bwo gutora.

14. Gutora kwose kuzongenzurwa na BBC Africa.

16. BBC ifise uburenganizira bwo gukura mw'ihiganwa uwuririmwo canke kumwaka agashimwe mu gihe yagatsindiye, niyasanga, yo nyene atawe irinze kubaza, kugumiza mw'ihiganwa uwo mukinyi canke kutamwaka agashimwe vyoshira BBC mu ngorane.

17. Inzi ngingo zisunze amategeko yo mu Bwongereza na Wales.