Messi na bagenzi we banse kuvugisha abamenyeshamakuru

Mu rukino rwabahuje na Colombia, Messi yinjije igitego kimwe anafasha gutsinda ibindi bibiri Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mu rukino rwabahuje na Colombia, Messi yinjije igitego kimwe anafasha gutsinda ibindi bibiri

Lionnel Messi ni we yagiye imbere y’abandi bakinyi nserukiragihugu ba Argentine mu kwanka kuvugisha abamenyeshamakuru inyuma yo gutsindwa mu nkino zo gukuranamwo z’igikombe c’isi.

Messi w’imyaka 29 yatangaje ivyo inyuma yo gutsinda igitego mu rukino rwabahuza na Colombia, aho batahukanye intsinzi y’ibitego 3-0.

Iradio imwe yari yavuze ko umukinyi w’imbere Ezequiel Lavezzi yanyoye urumogi inyuma yo kwimenyereza, ivyo uwo mukinyi yahakanye.

“Twagirijwe vyinshi, kudusuzugura ariko nta co turavuga,” uko ni ko Messi yavuze.

Messi na bagenzi we 25 yavuye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru batavuganye inyuma y’urukino na Colombia.

Inkuru zivuga ko Lavezzi azitwarira iyo radio.

“Turazi benshi batashimye uru rukino, ariko kwinjira mu buzima bw’umuntu, mwarengeje urugero,” ni ko Messi yongeyeko.

Argentine yatsinzwe 3-0 na Brezil, ariko itsinzi yabo kuri Colombia yatumye baduga gushika mu kibanza ca gatanu, no kibanza kizotuma ishobora kwitaba inkino z’igikombe c’isi.

Ibihugu bine biheza mu bibanza vya mbere muri Amerika y’epfo biba bifise uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igikombe c’isi.

Igihugu kigira gatanu, gica kibanza gutana mu mitwe n’umugwi uvuye ku wundi mu gabane kugira hamenyekane uwuzobandanya.