Gareth Southgate yoba agiye kumenyereza bwegu Ubwongereza?

Gareth Southgate amaze gutsinda Scotland na Malta, hanyuma nganya na Espagne hamwe na Slovenie Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gareth Southgate amaze gutsinda Scotland na Malta, hanyuma nganya na Espagne hamwe na Slovenie

Gareth Southgate azobonana n’abategetsi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza (FA) aho azokora ikibazo co kuba umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu.

Southgate amaze gukina inkino zine adatsindwa na rimwe nk’umumenyereza mfatakibanza inyuma yo kunganya ibitego 2-2 na Espagne ku musi wa kabiri.

Azogiriranira ibiganiro yongere avugane n’umukuru wa FA Gregg Clarke, umunyamabanga Martin Glenn, uwujejwe ubuhinga Dan Ashworth hamwe n’abandi bantu babiri bigenga, Howard Wilkinson na Graeme Le Saux.

Bitegekanijwe ko uwo mubonano uzobera muri park ya St George, hanyuma ingingo ya nyuma ikazofatwa na Clarke, Glenn na Ashworth, hanyuma Wilkinson na Le Saux na bo bagire ico bavuze kuri ico gikorwa.

FA yigeze kuvuga ko atamwanya uhari wo kugena uwundi mu menyereza kandi gushika ubu, nta wundi ategekanijwe gukora ikibazo.