Uburundi mu isiganwa ryo gushaka abanonotsi b'ejo.

Abahiganwa birutse imetero 5000 na 8000
Image caption Niyomukoza Jean Marie Vianney (iburyo) niwe yabaye uwa mbere mu bagabo

Ihiganwa ryitabwe n'abanonotsi 85 mu bagabo n'abigeme 43 baje bava mu ntara zose zigize Uburundi.

Francine Niyonsaba, yatahukanye umudari w'ifeza mu nkino za Olympic i Rio de Janeiro ku metero 800, ni na we yateguye iryo siganwa.

Avuga ko iryo siganwa rifise intumbero yo guhuza abanonotsi bo mu Burundi, guhanahana ivyiyumviro no kurondera abandi banonotsi bashasha bashobora guserukira Uburundi mu misi iza.Yagize ati: "Nshaka ko abariko bariruka muri aya mabuye nk'uko nanje nayirutsemwo, Ejo na bo bazobe bariko bariruka bambaye ibirato mu makungu."

Uwa mbere yabaye Cavaline Nahimana, w'imyaka 19 wo muri komini ya Matana, Bururi. Yakoresheje 18'39"34

Image caption Nahimana Cavaline w'imyaka 19, ni we yabaye uwa mbere mu bakobwa.
Image caption Ihiganwa ryarimwo abagabo n'abapfasoni

Iryo higanwa ryitabwe n'abiruka ibirometero 5000 na 8000 mu bagabo n'abigeme.

Image caption Ihiganwa ryitabiriwe n'abantu basaga 80