Jurgen Klinsmann yirukanywe mu mabanga yo kumenyereza Amerika

Jurgen Klinsmann yashikanye ubudagi mu kibanza ca gatatu mu gikombe c'isi mu 2006 Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Jurgen Klinsmann yashikanye ubudagi mu kibanza ca gatatu mu gikombe c'isi mu 2006

Uwahoze ari umukinyi n’umumenyereza w’Ubudagi, Jugen Klinsmann yirukanywe ku kazi ko kumenyereza igihugu ca Amerika.

Klinsmann w’imyaka 52 yatahukanye igikombe c’isi c’Ubudagi mu 1990, yari yashikiriye ayo mabanga mu 2011.

“Tubandandanya guhagarara neza, dufise abakinyi bakomeye bashobora kudufasha gutahukana igikombe c’isi co mu 2018 mu Burusiya,” ni ko Sunil Gulati, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Amerika yavuze.

Klinsmann yarashikanye Amerika mu gice ca 16 gishira ica nyuma mu gikombe c’isi co mu 2014 muri Brezil.

Ariko baramaze gutsindwa ibitego 2-1 bari iwabo n’igihugu ca Mexique hanyuma batsindwa kandi na Costa Rica 4-0 mu nkino zo kuja mu gikombe c’isi.

Igihugu ca Amerika kiri mu kibanza ca nyuma mu migwi itandatu, gifise inota rimwe.

Klinsmann yari umukinyi w’imbere wa Tottenham yanuganuzwe ko azomenyereza umugwi nserukiragihugu w’Ubwongereza inyuma y’iyirukanwa rya Sam Allardyce mu kwezi kw’icenda.