Borussia Dortmund na Legia Warsaw baciye umuhigo

Borussia ni umugwi ugize kane utsinze ibitego 8 mu rukino rumwe rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Borussia ni umugwi ugize kane utsinze ibitego 8 mu rukino rumwe rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya

Imigwi ya Borussia Dortmund na Legia Warsaw zaciye umuhigo mu gutsinda ibitego vyinshi mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya ku musi wa kabiri.

Iyo migwi yatsinze muri rusangi ibitego 12.

Abadagi bamenyerezwa Thomas Tuchel batsinze abo mu gihugu ca Pologne ibitego 8-4 mu rukino rwabereye mu Budagi.

Baciye umuhigo wibitego 11, vyinjiye mu rukino Monaco yatsinze Deportivo La Coruna 8-3 mu mwaka wa 2003.

Ibitego indwi vyinjiye mu minota 22 yo mu gice ca mbere.

Legia ni wo mugwi wa mbere utsinze ibitego bine mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, ariko ntibibuze ko batsindwa.

Imihigo yaciwe

  • Ni ubwa mbere mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere i wabo ku mugabane wa buraya, aho abakinyi umunani binjiza mu rukino rumwe.
  • Dortmund ni umugwi ugira kane inyuma ya Liverpool, Monaco na Real Madrid winjije ibitego umunani mu rukino rw’imigwi yabaye iya mbere I wabo ku mugabane wa Buraya.
  • Rwabaye urukino rwa mbere rwo mu rwego rwo hejuru I Buraya habonetsemwo ibitego 12 kuva Ajax batsinzwe na Red Boys Differdange bo muri Luxemburg 14-0 mu nkino za UEFA itariki 3 ukwezi kwa cumi mu 1984.
  • Ni rwo rukino rumwe rukumbi muri kahise k’igikombe ca Buraya n’inkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo, hinjijwe ibitego vyinshi kuva Feyenoord yo mu Buholande batsinze KR ya Iceland 12-2 mu kwezi kw’icenda mu 1969.
  • Dortmund ubu muri rusangi yatsinze Legia ibitego 14, ibitego vyinshi ata wundi mugwi wari bwabitsinde uwo bihanganye mw’ihiganwa rimwe ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya,
  • Shinji Kagawa – yigeze gukinira umugwi wa Manchester United – yatsinze ibitego bibiri mu masegunda 76, ibitego vyihuse kurusha ibindi muri kahise k’inkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Mu zindi nkino batsindanye gutya:

CSKA Moscou 1-1 Bayern Leverkusen

Monaco 2-1 Tottenham

Sporting Lisbon 1- 2 Real Madrid

Leicester City 2-1 FC Bruges

FC Copenhague 0-0 FC Porto

Dinamo Zagreb 0-1 Lyon

FC Seville 1-3 Juventus Turin