Nigeria na Cameroon muri finale y'igikombe ca Afrika

Ikipe ya Cameroon

Umukinyi w'imbere wa Nigeria Desire Oparanozie ni we yinjije igitsindo kimwe umurwi wa Afrika yepfo, uba ufashe ikibanza cari gisigaye mu bakina urukino rwa nyuma mu ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'ibihugu vya Afrika mu gisata c'abakobwa ribera mu gihugu ca Cameroun.

Umurwi wa Afrika yepfo wari watanguye ukina neza kurusha uwa Nigeria ariko ntiwagira ico ubikuyemwo.

Oparanozie na Ngozi Okobi bahatswe gutuma Nigeria ija imbere ku munota wa 25 ariko umunyezamu Andile Dlamini arashobora kwigiza hirya iyo mipira.

Igitsindo ca Nigeria imaze gutwara igikombe incuro cenda cagiye kuboneka ku munota w'umunani w'igice ca kabiri, cinjizwa na Oparanozie inyuma y'ikosa ryari rihanywe, gurtyo Nigeria iba igiye mu gice ca nyuma ku gitsindo 1 na 0 ya Afrika yepfo.

Nigeria igiye kuzohura n'umurwi wa Cameroun, ari nawo wakiriye iri higanwa.

Umurwi w'umupira w'amaguru w'abagore wa Cameroun waronse itike yo gukina urukino rwa nyuma utsinze Ghana 1-0.

Igitsindo ca Cameroon catsinzwe ku munota wa 71 na Raissa Feudijo.

Mu minota ya nyuma y'urwo rukino Cameroun yari igiye kuronka ikindi gitsindo igihe ishoti rya Gabrielle Ongeune igaruwe n'umwamba w'igori.