Porto yanyagiye Leicester 5-0

Ni ubwa mbere Leicester itsindwa ibitego nk'ivyo mu nkino za Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ni ubwa mbere Leicester itsindwa ibitego nk'ivyo mu nkino za Buraya

Mu gihe uza ufise uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, Leicester City yaraye itsinzwe na Porto ku buryo butari bwigere bubaho ku mugwi wo mu Bwongereza, mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

FC Porto wirahiye Leicester City ibitego 5 vyose ku busa.

Leicester wari waramaze gutsindira kubandanya ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo mu mugwi G imbere y’uko urwo rukino rutangura, umumenyereza Claudio Ranieri akaba yahinduye abakinyi cumi muri 11 bahora batangura mu kibuga.

Umugwi wa Porto wari ukeneye iyo ntsinzi kugira ushobore kubandanya ihiganwa.

Bitegekanijwe ko ku wa mbere mu masaha ya 11:00 GMT ari ho hazomenyekana ingene imigwi izohura mu gice ca 16 gishira ica nyuma.

Ingene izindi nkino zagenze:

Byer Levkn 3-0 Monaco

Tottenham 3-1 CSKA

Legia War 1-0 Sporting

Real Madrid 2-2 Borussia Dortmd

Club Brugge 0- 2 FC Copenhgen

FC Porto 5-0 Leicester City

Juventus 2-0 Dinamo Zagreb

Lyon 0-0 Seville