Ikipe y'abagore ya Nigeria iracasaba agahembo kayo

Ikipe y'abagore ya Nigeria ntirahembwa nyuma yo gutsindira igikombe ca Afrika
Image caption Ikipe y'abagore ya Nigeria ntirahembwa nyuma yo gutsindira igikombe ca Afrika

Ikipe nserukiragihugu y'umupira w'amaguru ya Nigeria y'abagore ibandanije yegereyegere isaba ko agateka kayo kubahirizwa bagahembwa.

Banse kuva mw'ihoteli barimwo mu muji wa Abuja badahawe amahera yabo.

Ikipe Super Falcons ntirahembwa umushahara hamwe n'agashirukabute nyuma yo gutsindira igikombe ca Afrika kuwa gatandatu itariki 3 z'ukwa cumi na kabiri.

Super Falcons yatsindiye ico gikombe inshuro igira kane ku ntsinzi ya 1-0 kuri Cameruni yari yagikiriye ihiganwa, abakinyi bakaba batanezerejwe n'uko ishirahamwe rya Nigeria ry'umupira w'amaguru, NFF, ryananiwe kubahemba amahera yabo $17.150 buri mukinyi.

Image caption Ikibuga c'i Yaounde cakiriye urukino rwo kuwa gatandatu cari cuzuye amasaha atanu imbere y'uko urukino rutangura

Bivugwa ko ishirahamwe NFF ryari ryemeye imbere y'uko ihiganwa ritangura, kubahemba ibirarane bagomba guhembwa kubera gushika mw'ihiganwa hamwe n'agashirukabute ko kuritsinda gashika ku £6.500.

Kuwa gatanu, umukinyi wa Nigeria na Arsenal, Asisat Oshoala yabariye BBC Sport ati: "Uku ni ukurwanira ubuzima bw'ikipe. Ni kwiyamiriza ukuntu iyi kipe imaze imyaka ifatwa."

Ubukene bwa NFF buramaze gutuma igihugu kigabanya abakozi hamwe no kugabanya imishahara y'abamenyereza batandukanye, kiretse umumenyereza mushasha wa Super Eagles, Gernot Rohr.