Vardy yari ngirakamaro aho Leiceter yirenza Manchester City

Jamie Vardy niwe yatahanye umupira wakinishijwe, nk'uko ari umugenzo iyo umukinyi yinjinje ibitsindo bitatu mu rukino rumwe (hat-trick) Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Jamie Vardy niwe yatahanye umupira wakinishijwe, nk'uko ari umugenzo iyo umukinyi yinjinje ibitsindo bitatu mu rukino rumwe (hat-trick)

Jamie Vardy yinjije bitatu mu rukino Leicester yanyagiye Manchester City iyi nayo ikaba yakinye ku buryo itamenyekana ko ariyo.

The Foxes bari bamaze kwinjiza 2-0 mu minota itanu, Vardy aheraheza urukurikirane rw'inkino 10 za Premier League atinjiza, Andy King nawe aboneraho akaryo arinjiza.

Vyari bimaze kuba 3-0 mu minota 20 kuko Vardy yongeko ikindi amaze guca hirya y'umunyegoli Claudio Bravo, akwiza bitatu (hat-trick) aho yafata umupira John Stones yateye nabi ashaka kuwuha umunyegoli.

Aleksandar Kolarov, ateye coupfranc, na Nolito binjije ibitsindo vya City vy'impozo urukino ruri mu guhera.

Ubu City imaze gutsindwa inkino zibiri za Premier League yikurikiranya, bukaba ari ubwa mbere kuva Pep Guardiola yatangura kuyimenyereza mu ci riheze, ubu ikaba irushwa amanota ane na Arsenal ya mbere.

Kuri Leicester isanzwe ari nayo ifise igikombe, iyi intsinzi yaheraheje inkino zitanu ata ntsinzi muri Premier League ubu ikaba yaciye iba iya 14.