Cristiano Ronaldo yatsindiye umupira w'inzahabu wa 2016

Cristiano Ronaldo na Lionel Messi batsindiye ico gikombe imyaka icenda yose bahanahana atawubaciriyemwo.
Image caption Cristiano Ronaldo na Lionel Messi batsindiye ico gikombe imyaka icenda yose bahanahana atawubaciriyemwo.

Umukinyi w'imbere wa Real Madrid, Cristiano Ronaldo yatsinze mugenzi we Lionel Messi wa Barcelone, mu kuba umukinyi mwiza ahawe umupira w'inzahabu, akaba akironse ku ncuro ya kane.

Ronaldo w'imyaka 31 ubu akeneye gutwara ako gashimwe rimwe gusa kugira ashikire Lionel Messi amaze kugatwara ico gikombe incuro zitanu.

Umukinyi w'imbere wa Atletico Madrid hamwe n'igihugu c'Ubufaransa, Antoine Griezmann yaronse ikibanza ca gatatu.

Ronaldo yarafashije Real Madrid gutsindira igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu mwaka uheze co kimwe no gutwara igikombe c'ibihugu vya Buraya mu 2016 ku gihugu ciwe ca Portugal.

Image caption Lionel Messi ni we yaheruka gutwara ako gashimwe mu 2015

Ronaldo yatsinze umupira w'inzahabu wa 2008, 2013, 2014 na 2016, kandi kuva mu 2009 bagenda bahererekanya na Messi.

"Sinigeze nibaza ko notwaye uyu muoira w'inzahabu incuro zine ndanezerewe cane, numva akamwemwe", ni ko Ronaldo yavuze.

"Nkoresheje aka karymu gushimira abo dukinana, umugwi wanje w'igihugu, abamenyereza bose bamfashije kuronka agashimwe nk'aka."

Image caption Ronaldo yavuze ko umwaka wa 2016 ari mwiza kuri we.

Uwo mukinyi yahoze akinira Manchester United yatsinze ibitego 19 mu nkino 20 mu mugwi wiwe no mu mugwi nserukiragihugu.

Urutonde rw'abakinyi beza kw'isi kuva mu 2003

2016: Cristiano Ronaldo

2015: Lionel Messi

2014: Cristiano Ronaldo

2013: Cristiano Ronaldo

2012: Lionel Messi

2011: Lionel Messi

2010: Lionel Messi

2009: Lionel Messi

2008: Cristiano Ronaldo

2007: Kaka

2006: Fabio Cannavaro

2005: Ronaldinho

2004: Andriy Shevchenko

2003: Pavel Nedved