Ihiganwa ry'umupira w'amaguru muri RDC ryahagaritswe

TP Mazembe ni wo mugwi ufise igikombe c'umwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption TP Mazembe ni wo mugwi ufise igikombe c'umwaka uheze

Ihiganwa ry’umupira w’aaguru muri RDC ryahagaritswe mu kiringo kitaramenyekana kubera umutekano muke.

Reta yasavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu guhagarika inkino kuva ku musi wa kane.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe hari ubwoba ko hashobora kwaduka akajagari igihe prezida Joseph Kabira azoba arangije ikiringo ciwe mu ndwi iza.

“Uko ibintu vyifashe ubu bishobora gushika no mu bibuga,” nk’uko bivugwa n’umunyamabanga mukuru Barthelemy Okito.

Mu misi iheze hariko haraba urukino, abarorerezi bararimvye ko ikiringo ca Joseph Kabira carangiye.

Kabira ategerezwa kuva ku butegetsi itariki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, ariko ashaka kuguma ku butegetsi gushika mu kwezi kwa kane 2018, aho reta ivuga ko ari ho ishobora gutegura amatora yari ategekanijwe mu kwezi guheze.