Suarez agiye gukinira Barcelone gushika 2021

Mu mwaka uheze, Suarez yinjije ibitego 40 mw’ihiganwa ryo muri Espagne.
Image caption Mu mwaka uheze, Suarez yinjije ibitego 40 mw’ihiganwa ryo muri Espagne.

Umukinyi w’imbere wa Barcelone, Luis Suarez yemeye gushira umukono ku masezerano mashasha n’uwo mugwi w’umupira w’amaguru ya miliyoni 167 z’ama Euro, harimwo n’uko ashobora kugurishwa ku mugwi umwipfuza.

Uwo mukinyi yahora muri Liverpool amaze gutsinda ibitego 97, atwara n’ibikombe umunani kuva ashitse muri uwo mugwi wa Barcelone mu kwezi kw’indwi mu 2014, aguzwe imiliyoni 75.

Inkuru ziva muri Barcelone zivuga ko ayo masezerano ya Suarez w’imyaka 29 azoshika mu mwaka 2021, azoshirwako umukono ku musi wa gatanu.

Mu mwaka uheze, Suarez yinjije ibitego 40 mw’ihiganwa ryo muri Espagne.

Uwundi mukinyi w’imbere w’uwo mugwi wa Barcelone, umunye Argentine Lionel Messi, affine na we nyene imyaka 29 afitaniye amasezerano n’uwo mugwi yo gushika mu 2018, ariko ibiganiro vyo gushira umukono ku masezerano mashasha vyaramaze gutangura.