Liverpool yatsinze Everton 1-0

Abakinyi ba Liverpool bariko barigina intsinzi Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abakinyi ba Liverpool bariko barigina intsinzi

Liverpool babandanya kwifata neza mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma yo gutsinda Everton 1-0.

Umukinyi w’imbere wa Liverpool, Sadio Mane ni we yatsinze igitego kimwe rukumbi cabonetse muri urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Goodson Park.

Ico gitsindo cabonetse ku munota wa 94.

Kubera iyo ntsinzi, Liverpool baciye baja mu kibanza ca kabiri n’amanota 37 inyuma y’inkino 17 mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Umugwi wa Chelsea ni wo ukiri kw’isonga n’amanota 43.