Chelsea imaze gukira inkino 12 idatsinzwe

Pedro amaze gutsinda ibitego bitanu mu nkino 12 Chelsea imaze gukina itsinda
Image caption Pedro amaze gutsinda ibitego bitanu mu nkino 12 Chelsea imaze gukina itsinda

Umugwi wa Chelsea wagumye kw’isonga urusha uwa kabiri amanota indwi mu gutsinda Bournemouth, no mu gukina incuro 12 udatsinzwe.

Cesc Fabrigas yahaye umupira Pedro aca atera umupira n’inguvu, aba yinjije igitego ca mbere.

Eden Hazard ni we yinjije igitego kigira kabiri inyuma yo gukubitwa hasi na Simon Francis.

Chelsea yongeyemwo igitego kigira gatatu kivuye kuri Pedro aho yateye umupira uca kuri Steve Cook, uca uhemukira mw’igoli.

Liverpool ishobora kugabanya amanota abatandukanya na Chelsea gushika kuri atandatu, mu gihe botsinda Stoke ku musi wa kabiri.