Igikombe c’Ubumwe: Musongati ihejeje inkino z’itsinda idatsinzwe na rimwe

Musongati (yambaye umuhondo) yatsinze Olympic Star ibitego 3-0 Uwufise ububasha kw’isanamu Amidou Hassan
Image caption Musongati (yambaye umuhondo) yatsinze Olympic Star ibitego 3-0

Mu gikombe citiriwe ubumwe mu Burundi umugwi wa Musongati w’I Gitega ni wo urangije inkino zo mu matsinda udatsinzwe na rimwe.

Muri iryo higanwa, ku musi wa kabiri habaye inkino zitatu, ku wa gatatu na ho haba inkino zitanu.

Ku musi wa kabiri imigwi yose yakinye yagiye iranganya.

Inter Stars yanganije na Muzinga 1-1, Vital’o FC banganya na Messager Bujumbura 0-0 hanyuma Aigle Noir na yo y’i Makamba inganya na Flambeau de l’Est yo mu Ruyigi ibitego 2-2.

Inkino zabaye ku musi wa gatatu, Rusizi FC banganije na Magara Star 0-0, Messager Ngozi utsinda Ngozi city, bose bo mu gisagara ca Ngozi 2-1.

Mu zindi nkino zabaye uwo musi nyene, Musongati y’i Gitega yatsinze Olympic Star 3-0, Athletico batsindwa na Les Lierres 1-0 hanyuma Bujumbura City batsindwa na LLBS4A 2-0.

Inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma zitegekanijwe ku wa gatandatu itariki 31 z’ukwezi kwa mbere.

Imigwi izohura gutya:

Flambeau de l’Est – Musongati

Messager Ngozi – Aigle Noir

LLB4A – Messager Buja

Vital’o FC – Les Lierres