Tottenham yanyagiye Watford

Tottenham na Watford Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Harry Kane na Dele Alli batsinze ibitego bibiri buri muntu igihe Tottenham yanyagiraga Watford ibitego 4-1.

Iyi ntsinzi itumye Tottenham izamuka ijya ku mwanya wa kane ku rutonde rwa shampiyona yo mu Bwongereza ku nshuro ya mbere kuva mu kwezi kwa cumi.

Tottenham yihariye umukino ku buryo mu gice cya mbere yagerageje inshuro 13 zose ishaka kwinjiza umupira mu izamu rya Watford.

Harry Kane yujuje ibitego 59 mu mikino ijana amaze gukina muri shampiyona y'Ubwongereza bityo ageza ku muhigo weshejwe na Thierry Henry wakiniraga ikipe ya Arsenal.

Ikipe ya Watford muri rusange itakinnye neza yaje kubona igitego nk'impozamarira mu minota ya nyuma cyatinzwe na Kaboul.

Iyi kipe - imaze gutsinda rimwe mu mikino irindwi - ubu yagiye ku mwanya wa 13 ku rutonde rwa shampiyona.