Wayne Rooney yashitse ku vyakozwe n'umwe gusa muri Manchester United

Wayne Rooney na Sir Booby Charlton nibo bamaze kwinjiriza Manchester United ibitsindo vyinshi kurusha abandi muri kahise k'iyo kipe Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Wayne Rooney na Sir Booby Charlton nibo bamaze kwinjiriza Manchester United ibitsindo vyinshi kurusha abandi muri kahise k'iyo kipe

Wayne Rooney yanganije ibitsindo na rurangiranwa yakiniye Manchester United, Sir Bobby Charlton, mu rukino United yatsinze Reading 4-0.

Uwo mukinyi w'imyaka 31 yinjije ica mbere mu rukino rw'ingunga ya gatatu ya FA Cup, aca ashikana ibitsindo 249 mu nkino 549, ashika kuri ivyo bitsindo hasigaye inkino 215 n'imyaka y'inkino ine munsi ya Charlton.

Uwo muhigo wariho kuva mu 1973, ariko Rooney ubu bisa n'uko agiye kuwurenza.

Mu 2015, Rooney yasumbije Charlton yatwaye igikombe c'isi, yashikanye ku bitsindo 49, Rooney akaba wewe amaze gushikana 53.

Urwo rugero rw'ibitsindo muri United ruje mu gihe uyu kapitene w'Ubwongereza yari amaze igihe adatangura urukino, yaba muri United canke mw'ikipe nserukiragihugu.

Iki gitsindo canganije umuhigo wa Charlton, ni ica kane gusa amaze kwinjiza muri uno mwaka w'inkino.

Reading yarushijwe cane mu rukino rw'uno munsi, mu minota 20 ikaba yari imaze kwinjizwa bibiri, kimwe ca Rooney n'ikindi ca Anthony Martial.

Ica gatatu n'ica kane vyinjijwe na Rashford ku munota wa 75 n'uwa 79.