Ikipe ya Zimbabwe yanse kwitaba ibirori vyo guherekezwa

Naho hari ibibazo Warriors ngo izokwitaba ihiganwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Naho hari ibibazo Warriors ngo izokwitaba ihiganwa ry'igikombe ca Afrika

Ikipe nserukiragihugu y'umupira w'amaguru ya Zimbabwe ntiyitavye ibirori vyo kuyisezera imbere y'uko ija mu gikombe ca Afrika 2017.

The Warriors yanse kwitaba ifunguro ryo kuyiherekeza ryo kuwa gatanu mw'ijoro i Harare, kandi umukuru w'igihugu mfatakibanza Emmerson Mnagagwa yari ahari.

Abakinyi basaba agahembo k'amahera baheraniwe, bakaba kandi bashaka ibihumbi bitanu vy'amadolari kuri buri mukino bazokina mu gikoba ca Afrika kiri mu gutangura muri Gabon.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Zimbabwe, Zifa, bivugwa ko rishaka kubahemba $2500 ku mukino.

Iyo kipe yagomba kuja muri Kameruni mu masaha yo mu gitondo co kuwa gatandatu, igakina umukino wa kivukanyi na Lions Indomptables kuwa kabiri, ariko abo bakinyi baracari i Harare.

Kapitene wa Warriors, Willard Katsande, yabariye iradiyo Star FM Zimbabwe ko naho hari ivyo bibazo iyo kipe ngo ntishobora kureka kuja mw'ihiganwa.