Messager Ngozi na Vital'o mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'ubumwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Messager Ngozi

Imigwi ya Messager Ngozi na Vital'o ni yo izohura mu rukino rwa nyuma rw'igikombe citiriwe ubumwe ruzoba igenekerezo rya 5 ukwezi kwa kabiri.

Messager Ngozi yaronse uburenganzira bwo kuja mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'ubumwe inyuma yo kwirahira Musongati 1-0.

Ico gitego cabonetse mu gice ca mbere, gitsinzwe n'umukinyi Enock Nsabumukama ahawe umupira mwiza na Iddy Museremu.

Umupira warinze urangira ata kindi gitego cinjijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Vital'o
Image caption Umugwi wa Vital'o mu kanyamuneza ko kwigina intsinzi ya Super Coupe

Mu rundi rukino, umugwi wa Vital'o wakuyemwo Lydia Ludic S4A gitego 1-0.

Urukino rwa nyuma ruzoba ku musi wahariwe Ubumwe bw'abarundi itariki 5 z'ukwezi kwa kabiri, mu ntara ya Gitega.

Mu mwaka uheze, imigwi ya Vital'o na Messager Ngozi bahuriye mu nkino za nyuma gatatu kose: Urukino rwa nyuma rw'igikombe c'umukuru w'igihugu, urwa, Super Coupe, hamwe na Primus Ligue 2015-2016