Mourinho aragabisha Liverpool ku rukino rwo ku wa Mungu

Mourinho yagabishije Liverpool ko urukino rwo ku musi w'Imana rutazoba rworoshe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mourinho yagabishije Liverpool ko urukino rwo ku musi w'Imana rutazoba rworoshe

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yabwiye abakunzi b'uwo mugwi ko urukino ruzobahuza na Livverpool ku musi w'Imana rutazoba urwo "kwitembereza mu kibuga" ahubwo asaba Liverpool kwitegura bikwiye.

Man United yatsinze Hull City ibitego 2-0 mu nkino za mbere z'ihiganwa rya EFL ku musi wa Mungu, ibitego vyinjijwe na Juan Mata na Marouane Fellaini.

Mourinho kandi yavuze ko umukinyi wese ategerezwa kwitegurira bikwiye urwo rukino rwa Liverpool.

"Ni urukino ruhambaye kuri twebwe. Iyo dukinye neza, n'abakunzi bacu baradushigikira bikwiye," ni ko yavuze

Iyo dukinye neza, ni vyiza ko abadukunda batidoga.

"Umuntu uwo ari we wese arakunda urukino rukomeye, abakinyi, abamenyereza n'abarorerezi. Umuntu wese arakunda urukino rukomeye, kubera ivyo rero twese dushire inguvu muri urwo rukino rwo ku wa mungu".

Liverpool imaze gutsindwa incuro zibiri gusa muri uyu mwaka, aho yatsinzwe ibitego 4-3 na Bournemouth itariki 4 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Umugwi wa Liverpool umenyerezwa na Klopp ni uwa kabiri mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ikaba iri irusha amanota Man United ya gatandatu, ikaba irushwa amanota atanu nyene na Chelsea iza mu kibanza ca mbere.