Klopp wa Liverpool avuga ko bari gutsindwa 3-0

Jurgen Klopp yemeza ikipe yiwe yatsinzwe bike ku bw'Imana Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Jurgen Klopp yemeza ko ikipe yiwe yatsinzwe bike ku bw'Imana

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko bagize Imana gutsindwa 1-0 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma na Southampton mu gikombe ca EFL.

Liverpool yarushijwe cane muri urwo rukino rwabereye ku kibuga ca St Mary's ariko bashobora kugombora mu rukino rwo gusubiza rutegekanijwe ku musi wa gatatu itariki 25 ukwezi kwa mbere.

Klopp yabwiye BBC Radio 5 live ati "Vyari kuba kandi vyategerezwa kuba 2-0 canke 3-0

"Iciza kuri twebwe n'ibivuye muri uru rukino. Turazi ko dushobora gukina neza i Anfield, biracabandanya."

Igitego ca Nathan Redmond mu gice ca mbere cahaye intsinzi Southampton, ariko uwo mukinyi yahoze muri Norwich yatakaje akaryo ko kwinjiza ibindi bitego bibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Nathan Redmond ni we yatsinze igitego ca Southampton

Na Redmond ubwiwe yavuze inyuma y'urwo rukino ko "yari gutsinda ibitego bine", inyuma yo gutera ku mwamba, kandi n'umunyegoli wa Liverpool yarafashije cane.

Klopp yongeye agira ati "Ntitwonezerezwa n'ingene twakinye, Southampton nayo ntishobora kunezerezwa n'iyo ntsinzi. Sinibuka akaryo keza nk'aka kuri twebwe.

"Twataye umupira bitumvikana ku buryo twagiye turatabagwa na Loris Karius incuro zibiri canke zitatu."

Mu mwaka uheze, Liverpool yatsinzwe na Man City mu rukino rwa nyuma rwa League Cup kuri penaliti, mu gihe Southampton yatsinzwe na Nottingham Forest mu rukino rwa nyuma rumwe rukumbi imaze gukina ku bitego 3-2 mu 1979.